Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ ”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:35
28 Referans Kwoze  

Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.


Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa.


Kuko ata na kimwe mu vyo Imana yashaka ko mumenya vyose ntababwiye.


Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Murazi ko mu vyashobora kubagirira ikimazi vyose ata na kimwe nabahishije, uhubwo navuze ubutumwa nongera nigisha mu makoraniro no mu nzu zanyu.


Mbega hari ico ayandi mashengero yaronse mwebwe mutaronse? Hariho kimwe gusa, sinabaremereye ku bijanye n’ivyo kwibeshaho. Nimba mubona ko bitari vyiza, muranyihanganira.


Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.


Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye.


Nzobandanya nkora igikorwa canje muri mwebwe kugira ngo mbuze icitwazo abarondera ivyitwazo vyo kwirata ko bangana natwe mu vyo dukora.


Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze? Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube inzitizi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.


Namwe ubwanyu murazi ko nakoresheje amaboko yanje nkibeshaho nkongera nkabeshaho n’abo twagendana.


Ahejeje kuvuga ivyo, aca apfukama hamwe na bo barasenga.


kuko bafashe urugendo bakorera izina rya Kristo, kandi ntibemeye gufashwa n’abatizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite