Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.
Ariko sinigeze ngwanira na kimwe muri ibi nari nemerewe, kandi sindabandikiye iri kete kugira ngo mutangure kumpa ibimbeshaho. Nopfuma mpfa hako ntakaza ibi vyirato vyo kuvuga ubutumwa ata we ndemereye.