Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Nuko rero mube maso kandi mwibuke ko mu myaka itatu tumaranye ntigeze mpengeshanya, ijoro n’umurango, kuburira umuntu wese muri mwebwe n’amarira menshi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Nuko mwame mugavye, mwibuke yuko namaze imyaka itatu ntasība guhanūra umuntu wese ndira, ku murango no mw ijoro.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:31
22 Referans Kwoze  

Nakoreye Umwami Imana nciye bugufi kandi ndira cane, nihanganira amageragezwa menshi avuye ku mitego y’Abayuda.


Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.


Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.


Ariko wewe, wame uri maso muri vyose, wihanganire ibikubabaza, ukore igikorwa c’umuvuzi w’Ubutumwa Bwiza, ushitse ku musozo ibango Imana yaguhaye.


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira.


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


kandi nta we twigeze turya ivyokurya tutabiguze. Ahubwo twakora ijoro n’umurango, tukaruha, tukabira icuya kugira ngo ntihagire uwo turemera muri mwebwe.


Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.


Sindabandikiye ibi kugira ngo ndabamaramaze, ahubwo nipfuza kubaburira nk’abana banje nkunda cane.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Nuko aca asubira hejuru, basangira ingaburo y’Umwami. Pawulo aca abandanya yigisha gushika bukeye, hanyuma aragenda.


Ku mugoroba w’umusi w’Isabato duhurira hamwe ngo dusangire ingaburo y’Umwami, hanyuma Pawulo arabigisha gushika mu gicugu kuko bwaca agenda.


Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?


Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.


Mbega ntimwibuka ko nkiri kumwe namwe ibi nahora ndabibabwira?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite