Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 ahamara amezi atatu. Agira afate ubwato ngo aje muri Siriya, amenya ko hari Abayuda bamugiriye inama, aca afata ingingo yo gusubira i Makedoniya,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:3
19 Referans Kwoze  

Nakoreye Umwami Imana nciye bugufi kandi ndira cane, nihanganira amageragezwa menshi avuye ku mitego y’Abayuda.


nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Nahatswe gutwarwa n’inzuzi, nahatswe kwibwa, nahatswe kwicwa n’ubwoko bwanje, nahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, nahatswe kwicirwa mu bisagara, nahatswe kwicirwa mu misozi, nahatswe kugwa mu kiyaga, nahatswe kwicwa n’abigira bene Data.


Maze binginga Fesito ngo abashimishe yimurire Pawulo i Yerusalemu, kuko bategura kumutegerera mu nzira ngo bamwice.


Igihe twashika i Makedoniya, imibiri yacu ntiyigeze ironka agahengwe. Twahuye n’ingorane nyinshi: intambara zari zidukikuje, hamwe n’ubwoba bwari mu mitima yacu.


Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.


Kuko nari nzi neza ko mudutahura kandi mukatwizera, nari nateguye kubagendera kugira ngo mugirirwe ubuntu kabiri.


Dushitse hafi y’izinga Kupuro, turisiga i bubamfu, tugenda dutumbereye i Siriya, maze dushika i Tiro, aho ubwato twarimwo bwategerezwa kwururukiriza ivyo bwari butwaye.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Inyuma y’ivyo, Pawulo amara igihe aba i Korinto, hanyuma asigayo bene Data, afata ubwato aja muri Siriya, aherekejwe na Pirisila na Akwilasi. Imbere yo gufata urugendo, Pawulo yabanje guca i Kenkireya aho yimweshereje umushatsi kubera isezerano yari yarasezeranye.


Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.


Ya migumuko iheze, Pawulo aca atumako abigishwa abatera intege, hanyuma arabasezera, afata urugendo aja i Makedoniya.


Nuko aca muri iyo ntara yose aremesha abizera n’inyigisho nyishi zo kubatera intege, maze ashika mu Bugiriki,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite