Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 None rero ndazi ko mwebwe abo nabwiye Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami ata n’umwe azosubira kumbona.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi none rāba, ndazi yuko mutazosubira kubona mu maso hanje, abo naciyemwo mwese mbabgira ivy’ ubgami bg’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:25
13 Referans Kwoze  

Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.


Icabababaje kurusha ibindi, ni uko yari yababwiye ko batazosubira kumubona ukundi. Nuko baca baramuherekeza gushika ku bwato.


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Ndashaka ko mumenya ukuntu ndabagwanira intambara ihambaye mwebwe n’ab’i Lawodikiya, hamwe n’abatarigera bambona na rimwe bose.


Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.


Ubu rero ko nahejeje ibikorwa nahora nkorera muri izo ntara nkaba nari maze iyi myaka yose ndindiriye, ndipfuza cane kubagendera.


Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa.


Igihe c’ivyagezwe vya Mose n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi abinjira muri ubwo Bwami barabubandanira.


Yesu aramubwira ati: “Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda uvuge ivy’Ubwami bw’Imana.”


Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira.


Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’


Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite