Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:24
59 Referans Kwoze  

None rero, kubera ko Imana mu buntu bwayo yatwizigije iki gikorwa, imitima yacu ntihugumbwa.


Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantege nke ari ho mba umunyenkomezi.


Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.”


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


Ivyo vyavuye ku buntu bw’Imana gusa, ntivyavuye ku bikorwa vyiza bakoze. Kuko, iyo biba vyavuye ku bikorwa vyiza bakoze, ubuntu bw’Imana ntibwoba bukibaye ubuntu vy’ukuri.


Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.


Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.


hanyuma igihe cayo kigeze ihishura ijambo ryayo biciye mu kuvuga Ubutumwa Bwiza nizigijwe n’icagezwe c’Imana, yo Mukiza wacu,


Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,


Twumva turemye nk’uko nabivuze, kandi icotubera ciza ni uko twova muri uwu mubiri, kuko twoca twigira i muhira kwibanira n’Umwami wacu.


Ubu rero ndabaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bwayo, ryo rishobora kubakomeza mu kwizera no kubaha kuragwa ivyiza hamwe n’abera.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Yuda yari umwe muri twebwe, kandi twari dusangiye igikorwa.”


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.


Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Ndabasaba rero ngo ntimwihebuzwe n’imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu, kuko ni icubahiro canyu.


Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”


maze ntimunyiganyizwe n’ibibagerageza. Ariko murazi neza ko ivyo biri mu vyo twateguriwe.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza.


Iyo umuntu akoze igikorwa, impembo bamuhemba ntiba ari ingabire, aba aronse ikintu yakoreye ategerezwa guhabwa.


Kandi namwe muzonshingira intahe, kuko mwabanye nanje kuva mu ntango y’igikorwa canje.


Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.’


Yohana ariko arasozera igikorwa ciwe, yavuze ati: ‘Mwibaza ko ndi nde? Sindi wa wundi mwiteze, haba na mba. Ariko hari uwuje inyuma yanje; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.’


Inyuma y’ibihari vyinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bene Bata, murazi ko mu minsi iheze Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mbwire Abanyamahanga Ubutumwa Bwiza maze na bo bumve, hanyuma bizere.


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.


Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.


Ni ukuvuga ko urupfu rukorera muri twebwe, kugira ngo ubugingo bukorere muri mwebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite