Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Nakoreye Umwami Imana nciye bugufi kandi ndira cane, nihanganira amageragezwa menshi avuye ku mitego y’Abayuda.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 nkorera Umwami wacu n’umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n’ibingerageza kubg’ inama z’Abayuda.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:19
37 Referans Kwoze  

kuko muzi ko muzohabwa umugabane nk’impera yanyu n’Umwami wacu. Uwo Mwami mukorera ni Kristo.


Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, ntipfuza kubatera imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda.


Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana.


ahamara amezi atatu. Agira afate ubwato ngo aje muri Siriya, amenya ko hari Abayuda bamugiriye inama, aca afata ingingo yo gusubira i Makedoniya,


Igihe twashika i Makedoniya, imibiri yacu ntiyigeze ironka agahengwe. Twahuye n’ingorane nyinshi: intambara zari zidukikuje, hamwe n’ubwoba bwari mu mitima yacu.


Bene Data, munezerwe cane, igihe cose muhuye n’ibibagerageza vy’uburyo bwinshi,


Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.


Mukorane imitima yanyu yose, nk’aho mwoba muriko mukorera Umwami wacu, mutariko mukorera abantu,


Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.


Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.


Nuko rero mube maso kandi mwibuke ko mu myaka itatu tumaranye ntigeze mpengeshanya, ijoro n’umurango, kuburira umuntu wese muri mwebwe n’amarira menshi.


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi.


kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.


Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka


Ndabandikiye jewe Pawulo, umugurano wa Kristo Yesu, nahamagariwe kuba intumwa, ntoranirizwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,


Muri iri joro nyene, umumarayika w’Imana nitirirwa kandi nkorera, yampagaze i ruhande


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.


Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra,


Ni co gituma, bahagaze imbere y’intebe y’inganji y’Imana, bayihimbariza mu rusengero ijoro n’umurango, kandi uwicaye ku ntebe y’inganji azobahisha mw’ihema ryiwe.


Nama nibuka amarira yawe igihe twatandukana, bikantera kwipfuza gusubira kukubona kugira ngo nuzure umunezero.


Ariko bamwe mu Bayuda bibatera ishari, baca bakoranya abantu b’imburakimazi babakuye mu mabarabara yaho, bagira umugwi munini, hanyuma batangura gutera imigumuko mu gisagara. Nuko binjira mu nzu kwa Yasoni barondera Pawulo na Silasi, kugira ngo babajane imbere y’ikoraniro.


Imisi indwi y’umugenzo wo kwihumanura igira irangire, Abayuda bamwe bo muri Aziya babona Pawulo mu rusengero. Baca bagumura ikoraniro ryose, baramufata.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite