Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Tukiri i Mileto, Pawulo aca atumako abakuru b’ishengero ryo muri Efeso, kugira ngo baze babonane.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw abakuru b’ishengero.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:17
15 Referans Kwoze  

Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


Abakuru b’ishengero barongoye ishengero neza bakwiye gufatwa neza na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha.


Hoba hariho uwo muri mwebwe agwaye? Nahamagare abarongozi bakuru b’ishengero bamusengere bamusige n’amavuta mw’izina ry’Umwami.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.


Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.


Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Mu bisagara bacamwo, bagenda barashikiriza abizera ivyashinzwe n’intumwa n’abakuru b’ishengero b’i Yerusalemu babahimiriza kuvyitondera.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero barakorana bigira hamwe ico kibazo.


I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.


Bashitse muri Efeso, Pawulo abasiga ngaho, we aragenda yinjira mw’isinagogi y’Abayuda guharira na bo.


Bukeye tubandanya urugendo, dushika hafi y’izinga Kiyosi. Ku musi ukurikira, turashishikara dushika i Samosi, maze ku musi ukurikira dushika i Mileto.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite