Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Pawulo aca ahitamwo kubandanya adahagaze muri Efeso, kuko yanka kumara uwundi mwanya muri Aziya. Yariko yihutira ko, hamwe bimushobokeye, yoshika i Yerusalemu ku musi wa Pentekoti.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:16
17 Referans Kwoze  

Ariko mu kurindira nzoba ndagumye aha muri Efeso gushitsa ku musi wa Pentekote,


Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Twururutse tuhasanga abigishwa baho, duca tumarana na bo imisi indwi. Baca bavugishwa na Mpwemu Yera ko Pawulo adakwiye kubandanya urwo rugendo ruja i Yerusalemu.


None rero, ngoberewe na Mpwemu Yera, ngiye i Yerusalemu, ariko sinzi ibizonshikira ndi yo.


Nuko tuva aho, twitangira Pawulo imbere, dufata ubwato butujana muri Aso, aho twategerezwa guhurira na Pawulo. Yari yabiteguye uko kuko we yashaka kujayo ajanye ibarabara.


Natwe tuva i Filipi inyuma y’imisi mikuru y’imitsima itarimwo umwambiro, tubasanga i Tirowa haheze imisi itanu, duca tuhamara imisi indwi.


Ariko mu kubasezera ababwira ati: “Nzogaruka hanyuma Imana niyabishaka.” Nuko afata ubwato ava muri Efeso,


Bashitse muri Efeso, Pawulo abasiga ngaho, we aragenda yinjira mw’isinagogi y’Abayuda guharira na bo.


Petero aradodora ku rugi rwo kw’irembo, umukobwa w’umuguranokazi yitwa Roda aca aza kuraba uwudodoye.


Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.


Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.


ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Bashitse, arababwira ati: “Murazi ingene nabanye namwe uhereye ku musi wa mbere nashikiye muri Aziya gushika uno musi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite