12 Nuko batahana wa musore ari muzima, batewe intege cane.
12 Bazana uwo muhungu ari muzima, imitima yabo iraruhuka.
Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,
Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.
we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.
None rero muremeshanye mwongere mukuzanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.
Nuko muremeshanye n’ayo majambo.
duca tubarungikira Timoteyo ngo abagendere. Ni mwene Data akorera Imana hamwe natwe mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Tumurungitse kugira ngo abakomeze, yongere abaremeshe mu kwizera kwanyu,
Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.
Nuko aca asubira hejuru, basangira ingaburo y’Umwami. Pawulo aca abandanya yigisha gushika bukeye, hanyuma aragenda.
Nuko tuva aho, twitangira Pawulo imbere, dufata ubwato butujana muri Aso, aho twategerezwa guhurira na Pawulo. Yari yabiteguye uko kuko we yashaka kujayo ajanye ibarabara.