Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ya migumuko iheze, Pawulo aca atumako abigishwa abatera intege, hanyuma arabasezera, afata urugendo aja i Makedoniya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:1
20 Referans Kwoze  

Igihe twashika i Makedoniya, imibiri yacu ntiyigeze ironka agahengwe. Twahuye n’ingorane nyinshi: intambara zari zidukikuje, hamwe n’ubwoba bwari mu mitima yacu.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Igihe naja i Makedoniya narakwinginze ngo ugume hiyo muri Efeso kugira ngo wihanize abigisha inyigisho z’ibinyoma ntibasubire kwigisha,


Muturamukirize bene Data bose n’ukugumbirana kwera.


Bene Data bose turi kumwe hano barabatasha. Muramukanye mu kugumbirana kwera.


Nzobagendera mvuye i Makedoniya kuko nipfuza gucayo.


Muramukanye mu kugumbirana kwera. Amashengero yose ya Kristo arabatasha.


Bose baraturikisha bararira, bamusezera bamugumbira.


Maze Pawulo arururuka, amwubamako, aramubumbatira, avuga ati: “Ntimuhagarike imitima, ni muzima!”


Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”


Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.


Muramukanye mu kugumbirana kwera.


Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.


Nuko aca muri iyo ntara yose aremesha abizera n’inyigisho nyishi zo kubatera intege, maze ashika mu Bugiriki,


ahamara amezi atatu. Agira afate ubwato ngo aje muri Siriya, amenya ko hari Abayuda bamugiriye inama, aca afata ingingo yo gusubira i Makedoniya,


Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite