Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko barabazanya bati: “Aba bantu bose bariko baravuga si Abanyagalilaya?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Barumirwa bose, baratangara, bati Mbeg’ aba bose bavuga s’Abanyagalilaya?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:7
12 Referans Kwoze  

Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?”


Barababaza bati: “Yemwe Bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko mubonye agiye.”


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


bamenya ko ari umwe yahora yicara asegerereza kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza, barumirwa cane, batangazwa n’ivyamubayeko.


Wa muntu aca arahaguruka, aterura ikirago ciwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”


Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!”


Haheze akanya gato, abari bahagaze ngaho begera Petero bamubwira bati: “Ni ukuri na we uri umwe muri bo, kuko n’imvugo yawe, irakuranga ko uri Umunyagalilaya.”


Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.


None bigenda gute ngo umwe umwe wese muri twebwe yumve bavuga ururimi kavukire rw’iwabo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite