Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kandi hariho Abayuda benshi bubaha Imana bari i Yerusalemu, bari baje bava mu mahanga yo musi y’ijuru.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 I Yerusalemu hār’ Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bāri bāravuye mu mahanga yose yo musi y’ijuru.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:5
17 Referans Kwoze  

Abantu bubaha Imana baraza bahamba Sitefano, baramugandarira cane.


I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira.


We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.


Nuko afata inzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe.


Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki.


Umwe muri bo yitwa Kirewofasi aca amubaza ati: “Ni wewe wenyene waje i Yerusalemu utamenye ivyahabereye muri iyi misi?”


Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza ku musi wiwe.


Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite