Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:47
25 Referans Kwoze  

Nuko amashengero arakomezwa mu kwizera, kandi igitigiri c’abizera kirongerekana ku musi ku musi.


Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’iry’abana banyu, n’iry’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.”


Iyo umuntu akorera Kristo ameze gutyo, ahimbara Imana kandi akemerwa n’abantu.


Kubera ko Barunaba yari umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera, igitigiri kinini c’abantu barizeye Umwami Yesu.


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa cane, bahimbaza Ijambo ry’Umwami Imana; abari baratoranirijwe ubugingo budashira, barizera.


Ku vyerekeye Isirayeli, Yesaya yarasemereye aravuga ati: “Naho Abisirayeli ari benshi bangana n’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga, bakeya gusa ni bo bazorokoka.


Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.


Nuko Yesu abandanya akura mu gihagararo, agwiza ubwenge, kandi agira ikiganza ciza ku Mana no ku bantu.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Intumwa zibandanya gushingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu zuzuye ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw’Imana bwinshi bwaguma bugwira kuri bo bose.


Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.


Ariko benshi mu bumvise ubutumwa barizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.


Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera.


Ababa i Luda n’i Sharoni bose bamubonye agendagenda, barihana bizera Umwami Yesu.


Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.


Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.


Nuko bavuga Ubutumwa Bwiza muri ico gisagara kandi baharonka igitigiri kinini c’abigishwa. Hanyuma baca basubira i Lusitira, muri Ikoniyo no muri Antiyokiya


Nuko benshi mu Bayuda barizera, co kimwe n’abagore n’abagabo b’abanyacubahiro b’Abagiriki.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite