Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:46
25 Referans Kwoze  

Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.


Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.


Ku mugoroba w’umusi w’Isabato duhurira hamwe ngo dusangire ingaburo y’Umwami, hanyuma Pawulo arabigisha gushika mu gicugu kuko bwaca agenda.


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.


Bagurano, mwumvire ba shobuja bo muri iyi si muri vyose; kandi mubigire atari iyo babahagarikiye gusa murondera ko bobashima, ariko mubikore n’umutima ubikunze mubitewe no kwubaha Umwami wacu.


Nimba wahawe ingabire yo gutera intege abandi, ube uwutera intege koko. Nimba wahawe ingabire yo gutanga, tangana umutima ubikunze. Nimba wahawe kurongora abandi, ubikorane umwete. Nimba wahawe ingabire yo kugira impuhwe, uzigire unezerewe.


Imisi yose bama mu rusengero, bahimbaza Imana.


Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu mukava mu kwiha Kristo gutunganye kwanyu.


Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, baca barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa.


Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda.


Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.


Amaso ni yo matara y’umubiri. Iyo amaso yawe abona neza, umubiri wawe wose uba mu muco.


Bashumba, mwumvire ba shobuja bo mw’isi, mububaha kandi mubatinya, bivuye ku mitima, nk’uko mwokwubaha Kristo.


Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.


Iyo tunywera ku gikombe Imana yahezagiye, mbega ntituba dusangiye ku maraso ya Kristo? Iyo tumanyura umukate, ntituba dusangiye ku mubiri wa Kristo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite