Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:37
20 Referans Kwoze  

Abantu benshi bari ngaho baramubaza bati: “None dukore iki?”


Nanje ndamubaza nti: ‘None nkore iki ga Mwami?’ Umwami Yesu aranyishura ati: ‘Haguruka uje i Damasiko, ni ho uzokwigishirizwa ivyo wategekanirijwe kuzokora.’


Abasoda na bo nyene baramubaza bati: “Tweho dukore iki?” Arabishura ati: “Ntihakagire abo munyaga utwabo kandi ntihakagire uwo mudendereza. Mubumbwe n’impembo zanyu.”


Abatozakori na bo baraza ngo ababatize. Baramubaza bati: “Mwigisha, dukore iki?”


Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwe umwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe.


Kera ivyagezwe bitaraza nari muzima. Hanyuma menye ico amabwirizwa avuga icaha gica kiba kizima nanje ndapfa.


Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya.


Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.


ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite