Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:33
32 Referans Kwoze  

Umusi umwe, abigishwa bakoraniye hamwe, Yesu abaha iri tegeko ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira.


Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.


‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi.


Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.


Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.


Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.


Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo,


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose,


Biciye muri Kristo, mwahawe kwizera Imana. Kandi ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu mwabishize mu Mana kuko yamuzuye imukuye mu bapfuye, ikamuha ubwiza.


Ariko Umuherezi Mukuru wacu yitanze rimwe rizima, nk’ikimazi kimwe gusa gikuraho ivyaha, hanyuma yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.


Yasutse Mpwemu Yera kuri twebwe biciye muri Kristo Yesu Umukiza wacu,


Ni co gituma bivugwa ngo: “Hamwe yaduga iyo hejuru, yajanye inyagano nyinshi kandi yatanze ingabire ku bantu biwe.”


None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.


Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.


Ehe ngiye kubarungikira ingabire Data yasezeranye, ariko mugume mu gisagara gushika muhawe ubushobozi buvuye mw’ijuru.”


Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite