Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Yari umuvugishwa w’Imana kandi yari azi ko Imana yari yaramusezeraniye ishizeko n’indahiro ko izokwimika ku ngoma yiwe umwe mu ruvyaro rwiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Nuko, kuko yar’ uwavugishwa n’Imana, akamenya kw Imana yamurahiye indahiro, kw izoshira ku ngoma yiwe uwamutse mu bura bgiwe,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:30
37 Referans Kwoze  

Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.


Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa,


Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


Dawidi ubwiwe, aho yavugishwa na Mpwemu Yera, yavuze ati: ‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje, kugeza abansi bawe bose, ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’


Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo: umwami w’abami, uwuganza abatware.


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Ariko Yesu yabaye umuherezi Imana ibanje kurahira iti: “Uhoraho yararahiye, kandi ntazohindura ico yavuze: ‘Uri umuherezi w’ibihe bidashira.’”


Imana na yo yakoresheje indahiro, kugira ngo abahawe isezerano bamenye badakekeranya ko idashobora guhindura ico yavuze.


Ni co gituma Imana yashizeho ikindi gihe co kwinjira aho kuruhukira yateguye, kandi ico gihe ni “uwu musi.” Imana yongeye kubivuga haciye igihe kirekire iciye muri Dawidi, mu gice twamaze kuvugako, iti: “Nimwumva ijwi ry’Imana uwu musi, ntimukomantaze imitima yanyu.”


Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati: “Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,


Ahandi na ho Yesaya yavugishijwe ati: “Uwukomoka kuri Isayi azoza; azohaguruka kugira ngo aganze amahanga; muri we ni ho Abanyamahanga bose bazoshira ivyizigiro.”


ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Bamubamba ku musaraba, hanyuma bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo,


Arababwira ati: “None bishoboka gute ngo Dawidi, avugishijwe na Mpwemu, amwite Umwami? Kuko yavuze ati:


Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite