Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Bene Data, ndashobora kubabwira ntakekeranya ko sogokuruza wacu Dawidi yapfuye agahambwa, kandi n’imva yiwe iracari hano gushika uwu musi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:29
8 Referans Kwoze  

Dawidi amaze gukora ivyo Imana igomba mu gihe ciwe, yarasinziriye, ahambwa hamwe na ba sekuruza, umubiri wiwe urabora.


Mwiyumvire ingene uwu Melekisedeki yari akomeye! Na Aburahamu, sekuruza w’Abisirayeli, yaravyemeje mu kumuha ica cumi c’ivyo yari yanyaze mu rugamba.


Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero.


Wamenyesheje inzira y’ubugingo, uzonyuzuza umunezero ndi imbere yawe.’


Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite