Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:12
8 Referans Kwoze  

Ivyo uzanye bimeze nk’ivyaduka mu matwi yacu, tugomba kumenya ivyo ari vyo.”


Yumvise abantu benshi bariko bararengana, ibaza ibiriko biraba.


Aca ahamagara umwe mu bakozi amubaza ibiriko biraba.


Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo.


Nuko barabazanya bati: “Aba bantu bose bariko baravuga si Abanyagalilaya?


Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe;


kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.


(bagizwe n’Abayuda n’abinjiye mw’idini ry’Abayuda), Abanyakirete, n’Abarabu. Kandi twese turabumva bavuga ibitangaza vy’Imana mu ndimi z’iwacu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite