Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:8
17 Referans Kwoze  

Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Ariko bamwe bakomantaza imitima banka kwizera, banebagura ku mugaragaro inzira y’Umwami Yesu. Nuko Pawulo aca ava muri iryo sinagogi, agenda ajanye n’abizera, abandanya avuganira mu nyubakwa uwitwa Turano yigishirizamwo.


Bashitse muri Efeso, Pawulo abasiga ngaho, we aragenda yinjira mw’isinagogi y’Abayuda guharira na bo.


Ku misi yose y’Isabato Pawulo yama aja mw’isinagogi guharira n’Abayuda n’Abagiriki, akagerageza kwemeza.


Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze.


Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Hanyuma bava i Peruga baja muri Antiyokiya h’i Pisidiya. Ku musi w’Isabato baja mw’isinagogi baricara.


Pirisila na Akwilasi bumvise ingene yigisha mw’isinagogi ashize amanga, baca bamujana iwabo, babandanya kumusigurira neza inzira y’Imana.


Abari aho bari nk’abagabo cumi na babiri.


Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.


Nuko rero mube maso kandi mwibuke ko mu myaka itatu tumaranye ntigeze mpengeshanya, ijoro n’umurango, kuburira umuntu wese muri mwebwe n’amarira menshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite