Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Na bamwe mu batware b’iyo ntara, bari abagenzi ba Pawulo, bamutumako bamwinginga ngo ntahirahire ngo yinjire muri ico kibanza kiberamwo ibirori.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Kandi bamwe mu bakuru bo muri Asiya, kuko bār’ abagenzi, bamutumako bamwinginga ngo yoye kwiroha mu kibuga c’ibirori.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:31
8 Referans Kwoze  

Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.


Tuvyumvise, twe n’ababa aho twinginga Pawulo tumusaba ngo ntashishikare urugendo ruja i Yerusalemu.


Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.


Umuntu arwaye imibembe araza apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: “Ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”


Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


Pawulo agomvye guseruka imbere y’ikoraniro, abigishwa baramwankira.


Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite