Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:29
19 Referans Kwoze  

ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.


Ariko nibaza ko twebwe intumwa tumeze nk’imbohe z’intambara zigenewe kwicwa. Imana yadushize ku murongo inyuma y’abadufashe mpiri, mu birori vyazo vyo kwigina intsinzi. Twahindutse akamenyo kw’isi yose, mu maso y’abamarayika no mu maso y’abantu.


Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo,


Gayo, ampaye indaro hamwe n’ishengero ryose rikoranira iwe barabaramutsa. Erasito, umunyabigega w’igisagara, hamwe na mwene Data Kwarito barabaramutsa. [


Maze umugumuko ukwira igisagara cose, abantu baza bariruka bavuye mu mihingo yose. Bafata Pawulo, bamukwegera inyuma y’urusengero, ubwo nyene imiryango yarwo ica irugarwa.


Aca arungika babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo na Erasito, baja i Makedoniya, na we aca amara ikindi gihe gito muri Aziya.


Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.


Wewe nturi wa Munyegiputa yatera umugararizo mu misi iheze, agatwara mu bugaragwa abicanyi ibihumbi bine?”


Namwe ubwanyu murazi ko nakoresheje amaboko yanje nkibeshaho nkongera nkabeshaho n’abo twagendana.


Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho.


Abantu bose n’abatware b’igisagara bavyumvise bagira uruhagarara.


Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”


Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.


Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite