Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Muri iyo misi nyene haduka imigumuko ivuye ku bijanye n’Inzira y’Umwami Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Nko mur’ ico gihe havyuka imivurungano itari mike kubg’ Inzira ya Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:23
10 Referans Kwoze  

Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’Inzira y’Umwami Yesu, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: “Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza.”


Ariko bamwe bakomantaza imitima banka kwizera, banebagura ku mugaragaro inzira y’Umwami Yesu. Nuko Pawulo aca ava muri iryo sinagogi, agenda ajanye n’abizera, abandanya avuganira mu nyubakwa uwitwa Turano yigishirizamwo.


amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.


Dufatwa nk’abatazwi ariko tuzwi na bose. Dusa n’abegereje urupfu ariko tubandanya tubaho. Turakubitwa ariko ntidupfa.


Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.


Nahama abakurikira inzira y’Umwami Yesu gushika naho bamwe bapfa, ngafata abagore n’abagabo nkabata mw’ibohero.


Pirisila na Akwilasi bumvise ingene yigisha mw’isinagogi ashize amanga, baca bamujana iwabo, babandanya kumusigurira neza inzira y’Imana.


mu gukubitwa, mu gushirwa mw’ibohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara ijoro, mu gusonza.


nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Nahatswe gutwarwa n’inzuzi, nahatswe kwibwa, nahatswe kwicwa n’ubwoko bwanje, nahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, nahatswe kwicirwa mu bisagara, nahatswe kwicirwa mu misozi, nahatswe kugwa mu kiyaga, nahatswe kwicwa n’abigira bene Data.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite