Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Arababaza ati: “Mwarakiriye Mpwemu Yera igihe mwizera?” Baramwishura bati: “Haba na mba. Mbere ntitwari bwumve n’uko Mpwemu Yera abaho.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Arababaza, ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera? Baramwishura, bati Ntitwaribganavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:2
12 Referans Kwoze  

Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?


Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingoro za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza


Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.


Bavyumvise, baca babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu.


Petero akiriko aravuga ayo majambo, Mpwemu Yera amanukira ku bumvise ubwo butumwa bose.


‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi.


Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire za Mpwemu, ndabakomeze mu Mwami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite