Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Abayuda n’Abagiriki baba muri Efeso bamenye iyo nkuru, bose batekerwa n’ubwoba, maze Izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:17
22 Referans Kwoze  

Dusenga gutyo kugira ngo izina ry’Umwami wacu rishirwe hejuru muri mwebwe, kandi namwe mushirwe hejuru muri we, ku bw’ubuntu bw’Imana yacu n’Umwami wacu Yesu Kristo.


Mu kurangiza, bene Data, mudusengere kugira ngo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami bwamamare ningoga kandi ijambo ryiwe ryubahwe nk’uko ryubashwe muri mwebwe.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Ca cariho ca Kayisari kibibonye kirizera kuko catangajwe cane n’izo nyigisho zavuga ivy’Umwami Yesu.


Ishengero ryose n’abumvise ivyabaye bose baca bafatwa n’ubwoba bwinshi.


Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abavyumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.


Bashitse muri Efeso, Pawulo abasiga ngaho, we aragenda yinjira mw’isinagogi y’Abayuda guharira na bo.


Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.


Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Abari aho bose bafatwa n’ubwoba, kandi iyo nkuru yamamara mu misozi yose y’i Yudaya.


Ariko mu kubasezera ababwira ati: “Nzogaruka hanyuma Imana niyabishaka.” Nuko afata ubwato ava muri Efeso,


Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.


Wa muntu yarimwo impwemu mbi aca abasimbirako, abarusha inkomezi, arabakubita gushika aho bahunga inzu barimwo bari gusa, bavirirana.


Maze benshi mu bari bizeye baraza, baratura bongera bavugira ku mugaragaro ivyo bakoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite