Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Wa muntu yarimwo impwemu mbi aca abasimbirako, abarusha inkomezi, arabakubita gushika aho bahunga inzu barimwo bari gusa, bavirirana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Umuntu arimw’ impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, arababirika, bahunga mur’ iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:16
8 Referans Kwoze  

Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’ivyuma amaguru n’amaboko kugira ngo agume hamwe, yarayicagagura, ya mpwemu mbi ikamutwara kuyerera mu gahinga.


Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni menshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba.


Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yakize abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba.


Nuko atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka, yiterera hejuru, ahimbaza Imana.


Umusi umwe impwemu mbi irabishura iti: “Yesu ndamuzi, na Pawulo ndamuzi. None mwebwe muri ba nde?”


Abayuda n’Abagiriki baba muri Efeso bamenye iyo nkuru, bose batekerwa n’ubwoba, maze Izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.


Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite