Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:8
25 Referans Kwoze  

Azokuzanira ubutumwa buzogukizanya n’abo mu nzu yawe bose.’


Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa.


Nabo baca basimbira kuri Sositene umukuru w’isinagogi, bamukubitira aho nyene imbere y’inzu y’ubucamanza. Ariko Galiyo ntiyavyitaho.


Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.


Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.”


We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.


Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, baramubwira bati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?”


Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe,


Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Inyuma y’ivyo Pawulo aca ava muri Atenayi aja i Korinto.


Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.


Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:


Imana ni yo ntanzeko icabona, ndahiye ubuzima bwanje, ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari ukugira ngo sindabateko ishavu.


Bagenzi b’i Korinto, twababwiranye umutima utagira uburyarya, kandi twabugururiye imitima yacu.


Erasito yasigaye i Korinto, kandi nasize Tirofimo agwariye i Mileto.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite