Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:6
37 Referans Kwoze  

Pawulo na Barunaba na bo bakunkumura umukungugu wo mu birenge vyabo, baca baja muri Ikoniyo.


Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi.


Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.”


Abantu bose barishura bati: “Amaraso yiwe azotwagire twebwe n’abana bacu!”


Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.


Abamugwanya abigisha mu bugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana gushobora kubashikana ku kumenya ukuri,


Mbega, Imana ni iy’Abayuda gusa? Si n’iy’Abanyamahanga na bo? Egome, ni iy’Abanyamahanga na bo nyene.


Nuko rero nimumenye ko ivy’ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga babishikirijwe, kandi bo bazokakira!” [


Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.


Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.


Nuko, abo bakozi baragenda begeranya abantu bose bahuye, ababi n’abeza, hanyuma inzu y’ubukwe yuzura abashitsi.


Aho bazokwanka kubakira no kwumviriza amajambo muvuga, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, maze muve muri iyo nzu canke muri ico gisagara.


Bongera bamubwira n’ayandi majambo menshi yo kumutuka.


Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.


Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru;


Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.


Baramwishura bati: “Azobica rubi hanyuma iryo tongo arizeze abandi barimyi bazohora bamuha umwimbu umwegukira uko iyimbura rigeze.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite