Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 kuko akoresheje Ivyanditswe Vyera, yatsindira ku mugaragaro ivyiyumviro vy’Abayuda bamuhaririza, akabemeza ko Yesu ari we Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:28
12 Referans Kwoze  

Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Ariko inyigisho za Sawuli zirushiriza kugira ubushobozi mu kwemeza Abayuda b’i Damasiko ko Yesu ari we Kristo bituma bataronka ico basubizayo.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.”


Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Yari yarigishijwe inzira y’Umwami Yesu, kandi n’aho yari yabatijwe umubatizo wa Yohana gusa, yigisha ivya Kristo ashize amanga mu kuri kwose.


Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.


Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite