Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Yari yarigishijwe inzira y’Umwami Yesu, kandi n’aho yari yabatijwe umubatizo wa Yohana gusa, yigisha ivya Kristo ashize amanga mu kuri kwose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Uwo yari yigishijwe inzira y’Umwami wacu, acānīrwa mu mutima n’umwete, yavuga yigisha ivya Yesu avyitondeye, yar’ azi umubatizo wa Yohana gusa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:25
27 Referans Kwoze  

Maze Pawulo arababaza ati: “None mwabatijwe uwuhe mubatizo?” Baramwishura bati: “Umubatizo wa Yohana.”


Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana.


Muri iyo misi nyene haduka imigumuko ivuye ku bijanye n’Inzira y’Umwami Imana.


Ariko bamwe bakomantaza imitima banka kwizera, banebagura ku mugaragaro inzira y’Umwami Yesu. Nuko Pawulo aca ava muri iryo sinagogi, agenda ajanye n’abizera, abandanya avuganira mu nyubakwa uwitwa Turano yigishirizamwo.


amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.


Baza aho ari baramubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uri umuntu w’imvugakuri. Wewe ntutinya igitsure c’abantu, kuko ntuterwa ubwoba n’igihagararo cabo, ahubwo wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. None tubwire: Biremewe gutanga ikori turiha Kayisari canke ntivyemewe?


Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.


Ntawahawe kuba umusoda abandanya yivanga mu vy’ubuzima busanzwe ashobora guhimbara umukuru wiwe.


Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.”


amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?


(Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana.


“Ni ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa, ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’ ”


kugira ngo umenye udakekeranya ko inyigisho wakiriye ari iz’ukuri.


Pirisila na Akwilasi bumvise ingene yigisha mw’isinagogi ashize amanga, baca bamujana iwabo, babandanya kumusigurira neza inzira y’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite