Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 ashika i Kayisariya. Avayo aduga i Yerusalemu kuramutsa ishengero, hanyuma amanuka muri Antiyokiya h’i Siriya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Afashe i Kayisariya, aradūga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:22
16 Referans Kwoze  

Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.


Kubera Fesito yagomba gushimisha Abayuda, aca abaza Pawulo ati: “Uriteguye kuduga i Yerusalemu kugira ngo uburanire imbere yanje hariya?”


Inyuma y’imisi itatu Fesito ashitse i Kayisariya, aca aduga i Yerusalemu,


Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro.


Ariko Pawulo na Baranaba bagumye muri Antiyokiya, aho bo n’abandi benshi bigishije bongera bavuga Ijambo ry’Umwami Yesu.


Nuko abo bantu baca barabarungika bamanuka muri Antiyokiya, bakoranya ishengero, babashikiriza rya kete.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.


Bavuye muri Ataliya, baciye bafata ubwato basubira muri Antiyokiya ho muri Siriya, aho bari basengewe ng’Ubuntu bw’Imana buzobane na bo ku bw’ico gikorwa bari barangije.


Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.


Ubwo nyene abantu batatu bantumweko bavuye i Kayisariya baba barashitse imbere y’inzu nari nsembereyemwo.


Ku musi ukurikira barashika i Kayisariya, kandi Koruneliyo yari abiteze, yari yakoranije incuti n’abagenzi biwe.


I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite