Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abonye Umuyuda yitwa Akwila, amamo yiwe n’i Ponto, yar’ avuye muri Italiya mur’ iyo misi, bo n’umugore wiwe Purisikila, kuko Kilawudiyo yari yageze kw Abayuda bose bava i Roma, aja aho bari.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:2
11 Referans Kwoze  

Untahirize Pirisila na Akwilasi, n’abo mu muryango wa Onesiforo.


Amashengero yo muri Aziya arabatasha. Akwilasi na Pirisila na bo barabatasha cane mu Mwami, co kimwe n’ishengero rihurira mu nzu yabo.


Pirisila na Akwilasi bumvise ingene yigisha mw’isinagogi ashize amanga, baca bamujana iwabo, babandanya kumusigurira neza inzira y’Imana.


Umwe muri bo yitwa Agabo, arahaguruka, yuzuye Mpwemu Yera, avuga ko ikigoyi kizotera mu bwami bw’Abaroma bwose. (Ivyo vyahavuye bishika ku ngoma ya Kilawudiyo.)


Inyuma y’ivyo, Pawulo amara igihe aba i Korinto, hanyuma asigayo bene Data, afata ubwato aja muri Siriya, aherekejwe na Pirisila na Akwilasi. Imbere yo gufata urugendo, Pawulo yabanje guca i Kenkireya aho yimweshereje umushatsi kubera isezerano yari yarasezeranye.


Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mesopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya,


Jewe Petero, intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe abatoranijwe n’Imana mwashwiragiriye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya n’i Bituniya.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Wa mukuru w’abasoda ijana aca asanga hari ubwato bwo muri Alegizanderiya buja mu Butaliyano, aca arabutwuriza.


Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose. Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite