Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ariko ko numva ari ingorane y’amajambo, amazina n’ivyagezwe vyanyu, nimurwicire mwebwe nyene. Sinshobora guca imanza nk’izo.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ariko kw ar’ibihāri vy’amajambo n’ivy’ amazina n’ivy’ ivyagezwe vyanyu ubganyu, ni mubimare ubganyu: jeho singomba guca urubanza rwa ben’ ivyo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:15
13 Referans Kwoze  

Nca nsanga bamwagiriza ibijanye n’ivyagezwe vyabo, ariko nta co nasanze kimwagira cotuma ashirwa mw’ibohero canke ngo yicwe.


Ariko bari bafise ivyo bapfa na we bijanye n’idini ryabo hamwe n’umugabo yitwa Yesu yari yarapfuye, ariko Pawulo we akemeza ko ari muzima.


baba buzuye ubwibone n’ukwishira hejuru n’ukubura ugutahura. Bafise impwemu yo kuvuga no guharira ku majambo. Ivyo nta kindi bizana atari ishari, ibihari, ibitutsi, ukwikekana,


Ariko wirinde impari z’ubupfu, ivy’urukurikirane rwa ba sekuruza, ibihari n’imishwano bifatiye ku vyagezwe n’amabwirizwa, kuko nta co bimaze kandi nta co bifasha uwuvyumva.


Wirinde ibihari vy’ubupfu ata kindi bishikanako atari induru.


canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, ico tumenya mu kwizera.


na canecane ko wewe usanzwe uzi neza imigenzo y’Abayuda n’impari zabo. None rero ndakwinginze unyumvirize wihanganye.


Nimba hari icaha na kimwe kinyagira cotuma nicwa, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo bariko baranyagiriza atari vyo, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kundekurira kuri aba Bayuda. Nsavye kwungururiza kwa Kayisari.”


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


Pilato arababwira ati: “Nimumujane mwebwe nyene mumucire urubanza mukurikije amategeko yanyu.” Baramwishura bati: “Ntitwemerewe gucira umuntu urubanza rwo gupfa.”


ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.” Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!”


bamwagiriza bati: “Uwu mugabo ariko yemeza abantu gusenga Imana mu buryo butemewe n’ivyagezwe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite