Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko bamwe mu Bayuda bibatera ishari, baca bakoranya abantu b’imburakimazi babakuye mu mabarabara yaho, bagira umugwi munini, hanyuma batangura gutera imigumuko mu gisagara. Nuko binjira mu nzu kwa Yasoni barondera Pawulo na Silasi, kugira ngo babajane imbere y’ikoraniro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:5
26 Referans Kwoze  

Twoye kwikakisha, twirinde kwandurutsanya no kugiriranira ishari.


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


ukwipfuza kubi, akaborerwe, kurya birenze urugero n’ibindi bene ivyo. Ndababuriye ubugira kabiri, ko abakora ibintu nk’ivyo batazoragwa Ubwami bw’Imana.


Timoteyo, uwo dukorana, arabaramutsa, co kimwe na Lukiyo, Yasoni na Sosipateri Abayuda bagenzanje.


Yasoni ni we yabahaye indaro, kandi bariko barenga amategeko ya Kayisari, bavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yesu.”


Ariko Abayuda banse kwizera bagumura abandi Banyamahanga babatera kwanka abizera.


Muracagendera mu ngeso zanyu za kera zo mw’isi kuko muracagiriranira ishari kandi muracatongana. None ivyo ntivyerekana ko mukigendera mu ngeso zanyu za kera? Mbega ntimubayeho nk’abandi bose batizera?


Erega turashobara kwagirizwa imigumuko kubera ibibaye uno musi. Kandi nta co twokwireguza kuko nta kintu na kimwe gifadika cabitumye.”


Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Pilato yari azi neza ko ari ishari ryatumye bamuzanira Yesu ngo amucire urubanza.


Canke mwibaza ko Ivyanditswe bibesha iyo bivuga ko Imana itwiyegerezanya ishaka ryo kutwiganzira rwose kubera Mpwemu wayo yadushizemwo?


Kubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, bamugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we,


Bababuze baca bafata Yasoni na bamwe muri bene Data, babajana babakwega imbere y’abacamanza, basemerera bati: “Aba bagabo Pawulo na Silasi bateye imigumuko kw’isi hose, none bashitse na hano mu gisagara cacu.


Maze abatware b’ico gisagara baka Yasoni n’abari kumwe na we ingwati y’amafaranga, hanyuma barabarekura.


nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Nahatswe gutwarwa n’inzuzi, nahatswe kwibwa, nahatswe kwicwa n’ubwoko bwanje, nahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, nahatswe kwicirwa mu bisagara, nahatswe kwicirwa mu misozi, nahatswe kugwa mu kiyaga, nahatswe kwicwa n’abigira bene Data.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite