Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Bumvise ivyo kuzuka kw’abapfuye, bamwe baritwengera, ariko abandi bavuga bati: “Tuzosubira kukwumviriza kuri ivyo ikindi gihe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Maze bumvise ivy’ ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati Tuzoba turumva ukundi ivy’ utubarira kur’ ivyo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:32
23 Referans Kwoze  

Mbega ni kuki muri mwebwe hari abibaza ko bidashoboka ko Imana izura abapfuye?


Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


Kuko Imana ivuga iti: “Igihe gikwiye kigeze narakwumvise, no ku musi wo gukirizwako naragutabaye.” Ndababwiye ko iki ari co gihe co kwemererwamwo, uwu ni wo musi wo gukirizwako.


Ariko bari bafise ivyo bapfa na we bijanye n’idini ryabo hamwe n’umugabo yitwa Yesu yari yarapfuye, ariko Pawulo we akemeza ko ari muzima.


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Ariko bamwe barabacokora bavuga bati: “Aba bantu baborewe, banyoye igisama.”


Turi ibijuju ku bwa Kristo, ariko mweho mwigira abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantegenke, ariko mweho mwigira abanyenkomezi. Muri abanyacubahiro, ariko twebwe turakengeretse.


kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje uwo yagenye. Iyo Imana yabigaragaje kuri bose mu kumuzura mu bapfuye.”


Ariko bose baca batangura kwerekana ibibafatiriye bituma batoza. Uwa mbere ati: ‘Unyihanganire, mpejeje kugura itongo, ngira nje kuriraba.’


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


‘Nimwitegereze, mwa bacokoranyi mwe, mutangare maze munyike. Kuko mu gihe canyu ngiye gukora kintu, mutokwigera mwemera, naho hogira uwukibabwira.’”


Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho ducumbitse, twikoreye ibimaramare vyiwe,


Abandi barashinyaguriwe barakubitwa. Abandi baboshwe iminyororo batabwa mu mabohero.


N’abasoda baraza baramushinyagurira, bamuha inkarisha kugira ngo anywe,


Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato.


Maze abagabo bari bamurinze batangura kumucokora no kumukubita.


Nuko Pawulo aca ava muri iryo koraniro.


None rero nimba twigisha ko Kristo yazutse mu bapfuye, ni kubera iki bamwe muri mwebwe bavuga ko ata zuka ry’abapfuye rihari?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite