Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’ uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye: kand’ ati Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:3
16 Referans Kwoze  

kuko akoresheje Ivyanditswe Vyera, yatsindira ku mugaragaro ivyiyumviro vy’Abayuda bamuhaririza, akabemeza ko Yesu ari we Kristo.


Ariko inyigisho za Sawuli zirushiriza kugira ubushobozi mu kwemeza Abayuda b’i Damasiko ko Yesu ari we Kristo bituma bataronka ico basubizayo.


Baca batangura kubazanya bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko iragurugumba igihe yariko aravugana natwe mu nzira, adusigurira Ivyanditswe?”


Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa.


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.


Umusi umwe, abigishwa bakoraniye hamwe, Yesu abaha iri tegeko ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira.


(Gushika ico gihe abigishwa ntibari bwatahure Ivyanditswe bivuga ko Yesu yategerezwa kuzuka mu bapfuye.)


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite