Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Imana yaremye isi n’ibiyirimwo ni yo Mwami y’ijuru n’isi kandi ntiba mu ngoro zubatswe n’abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:24
36 Referans Kwoze  

Ariko Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana avuga ati:


Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.


Bavyumvise, bashira amajwi hejuru bose, basenga Imana, bavuga bati: “Mwami Imana uganje vyose, ni wewe waremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.


Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero wa Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahanga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose.


Ariko jeho ndababwiye nti, ntimukarahire na rimwe: ntimukarahire ijuru kuko ari yo ntebe y’Imana; kandi


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana.


Yamara ibikenewe vyose kugira ngo bamenye Imana biragaragara mu maso yabo, kuko Imana ubwayo yabishize ahabona.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite