Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Kuko igihe nariko ndagendagenda ndaba ivyo mukoresha mu gusenga, nabonye n’igicaniro canditsweko ngo: ic’imana itazwi. None rero iyo musenga mutazi niyo ngira ndababwire.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kukw aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n’igicaniro canditsweko, ngw IC’ IMANA ITAZWI. Nukw iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:23
19 Referans Kwoze  

Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda.


Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.


Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.


Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.


Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.


Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Umwami ahoraho, adapfa, ata boneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.


Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Hari ivyitwa “imana” vyinshi kw’isi no mw’ijuru, kandi hari abantu basenga imana nyinshi n’abami benshi.


Yesu arabishura ati: “Nimba niha icubahiro, icubahiro canje nta co kimaze. Data, uwo muvuga ko ari Imana yanyu, ni we ampa icubahiro.


Ukunsenga kwabo ntikugira ikimazi; inyigisho zabo ni amabwirizwa abantu bishingiye.’ ”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite