Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ivyo uzanye bimeze nk’ivyaduka mu matwi yacu, tugomba kumenya ivyo ari vyo.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kuk’ utuzanye mu matwi ibintu vy’ivyaduka: none rero turagomba kumenya ivy’ ari vyo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:20
15 Referans Kwoze  

Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.


Dufise vyinshi twovuga kuri ivyo, ariko biragoye kubibasigurira, kuko bibagora gutahura.


Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo.


Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?”


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Nuko babigumya nk’ibanga, bibaza ico “ukuzuka mu bapfuye” bisigura.


Nuko bamujana imbere y’abagize inama nkuru y’igisagara ari yo bita Areyopago, bamubwira bati: “Twoshobora kumenya izo nyigisho nshasha uzanye?


(Mu bisanzwe abantu bo muri Atenayi n’abanyamahanga bahaba bama bahura ata kindi kibahuje atari ukuvuga n’ukwumviriza inkuri nshasha.)


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite