Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Abaherekeje Pawulo bamushikana muri Atenayi, baca basibura i Beroya. Nuko Pawulo abatuma kuri Silasi na Timoteyo ababwira ko boca bamusangayo badatevye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kand’ abaherekeje Paulo bamugeza muri Atenayi; maze babariwe kubgira Sila na Timoteyo ngo bamusangeyo n’ingoga, basubira inyuma.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:15
11 Referans Kwoze  

Ariko tubonye tutagishoboye kwihanganira kutamenya amakuru yanyu, twahisemwo gusigara twenyene muri Atenayi,


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Inyuma y’ivyo Pawulo aca ava muri Atenayi aja i Korinto.


Ninakurungikira Arutemasi canke Tukiko, uze ugerageza unsange i Nikopolisi, kuko nahisemwo kuzomarayo igihe c’imbeho nyinshi cane.


(Mu bisanzwe abantu bo muri Atenayi n’abanyamahanga bahaba bama bahura ata kindi kibahuje atari ukuvuga n’ukwumviriza inkuri nshasha.)


Pawulo akibarindiririye muri Atenayi, agira intuntu mu mutima kubera ibigirwamana vyinshi yabonye muri ico gisagara.


Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Ubwo nyene bene Data baca barungika Pawulo ajana inzira ija ku kiyaga, ariko Silasi na Timoteyo baguma i Beroya.


Nuko Pawulo ahagarara imbere y’ikoraniro rya Areyopago, avuga ati: “Yemwe bantu bo muri Atenayi, ndabona ko mwubaha cane imana zanyu mu buryo bwose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite