Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ubwo nyene bene Data baca barungika Pawulo ajana inzira ija ku kiyaga, ariko Silasi na Timoteyo baguma i Beroya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Uwo mwanya bene Data banyuruza Paulo ngw ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:14
16 Referans Kwoze  

Bugorovye, bene Data barungika Pawulo na Silasi i Beroya. Bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda.


Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho umwigishwa yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki.


Ariko abizera babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.


Ariko abigishwa biwe bahengera ari mw’ijoro, bamushira mu giseke, bamucisha mw’idirisha ry’uruzitiro, baramwururutsa.


Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.


Igihe naja i Makedoniya narakwinginze ngo ugume hiyo muri Efeso kugira ngo wihanize abigisha inyigisho z’ibinyoma ntibasubire kwigisha,


ahamara amezi atatu. Agira afate ubwato ngo aje muri Siriya, amenya ko hari Abayuda bamugiriye inama, aca afata ingingo yo gusubira i Makedoniya,


Aca arungika babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo na Erasito, baja i Makedoniya, na we aca amara ikindi gihe gito muri Aziya.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.


Bababuze baca bafata Yasoni na bamwe muri bene Data, babajana babakwega imbere y’abacamanza, basemerera bati: “Aba bagabo Pawulo na Silasi bateye imigumuko kw’isi hose, none bashitse na hano mu gisagara cacu.


Abaherekeje Pawulo bamushikana muri Atenayi, baca basibura i Beroya. Nuko Pawulo abatuma kuri Silasi na Timoteyo ababwira ko boca bamusangayo badatevye.


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite