Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko benshi mu Bayuda barizera, co kimwe n’abagore n’abagabo b’abanyacubahiro b’Abagiriki.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko benshi muri bo barizera, n’abagore b’icubahiro b’Abagirikikazi n’abagabo batari bake.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:12
13 Referans Kwoze  

Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


Bene Data, mwibuke uko mwari igihe mwahamagarwa. Benshi muri mwebwe ntimwari abanyabwenge dufatiye ku vyo abantu baraba. Benshi ntimwari abahambaye, kandi benshi ntimuvuka mu miryango ikomeye.


Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.


Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.


Ariko abatunzi bo, bakwiye kwishimira ko Imana yabacishije bugufi. Kuko bazokurwaho kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba.


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Yosefu w’i Arimataya ararinda, aja kwa Pilato amusaba ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwubahwa mu bagize inama nkuru y’ubwoko bw’Abayuda kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.


Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite