Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:6
31 Referans Kwoze  

Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.


hamwe na bene Data bose turi kumwe, Turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya:


Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera.


Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,


Jewe Petero, intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe abatoranijwe n’Imana mwashwiragiriye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya n’i Bituniya.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.


Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana igihe yamuhamagara ngo ave mu gihugu ciwe aje mu kindi yari igiye kumuha ngo kibe iciwe. Yavuye mu gihugu ciwe atazi iyo agiye.


Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.


Bene Data, twibaza ko mukwiye kumenya imibabaro twabayemwo muri Aziya. Twaciye mu makuba arengeye ayo twashobora kwihanganira, dutakaza ivyizigiro, gushika aho twibaza ko tutorokotse.


Ku bijanye no kwegeranya uburyo bwo gufasha abizera b’i Yerusalemu, mubikore nk’uko nabihanuye amashengero y’i Galatiya.


Izo ngabire zose zitangwa na Mpwemu umwe, bivanye n’uko agomba kuzitanga.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Pawulo aca ahitamwo kubandanya adahagaze muri Efeso, kuko yanka kumara uwundi mwanya muri Aziya. Yariko yihutira ko, hamwe bimushobokeye, yoshika i Yerusalemu ku musi wa Pentekoti.


ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: “Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera.


nk’uko twazishikirijwe n’abavyiboneye kuva bigitangura, ari na bo bamamaje Ubutumwa Bwiza.


Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Imisi indwi y’umugenzo wo kwihumanura igira irangire, Abayuda bamwe bo muri Aziya babona Pawulo mu rusengero. Baca bagumura ikoraniro ryose, baramufata.


Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo. Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya.


Amashengero yo muri Aziya arabatasha. Akwilasi na Pirisila na bo barabatasha cane mu Mwami, co kimwe n’ishengero rihurira mu nzu yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite