Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Mu bisagara bacamwo, bagenda barashikiriza abizera ivyashinzwe n’intumwa n’abakuru b’ishengero b’i Yerusalemu babahimiriza kuvyitondera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:4
5 Referans Kwoze  

Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero barakorana bigira hamwe ico kibazo.


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite