Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Wa murinzi w’ibohero aca abarira Pawulo ati: “Abacamanza bategetse ko mwe na Silasi murekurwa. None rero murashobora kwigira. Mugende amahoro.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Umurinzi w’imbohe abarira Paulo ayo majambo, at’ Abacamanza baratumye ngo murekurwe, nuko rero ni musohoke, mwīgīre amahoro.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:36
13 Referans Kwoze  

Nuko bahamara igihe, hanyuma abizera bo muri Antiyokiya barabasezera n’umuhezagiro w’amahoro, maze na bo basubira ku babatumye. [


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse.


Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe.”


Bamaze kubakubita cane, baca babaterera mw’ibohero, bategeka umukuru w’ibohero kubarinda cane kugira ngo ntibatoroke.


Bukeye, abacamanza batuma abasoda kuri wa murinzi w’ibohero, ati: “Rekura abo bantu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite