Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Baramwishura bati: “Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Baramwishura, bat’ Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:31
31 Referans Kwoze  

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.


Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”


Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


Ahubwo twizera ko twese dukizwa n’ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo.”


Nta wundi agakiza karonkerwamwo, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”


Baca bamubwira Ijambo ry’Umwami Imana, we n’abo mu nzu yiwe bose.


Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.


Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”


Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.


We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Nimba ikimanyu c’umukate cashikaniwe Imana nk’ivyeze ubwa mbere cejejwe, umukate wose uba wejejwe; kandi nimba imizi y’igiti yejejwe, n’amashami na yo nyene aba yejejwe.


Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite