Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Maze Pawulo yipfuza kujana na we ku rugendo yari ariko, araheza abanza kumukeba ku gitsina gabo kubera Abayuda bo muri ako karere, kuko bose bari bazi ko se yari Umugiriki.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uyo, Paulo agomba ko bajana, aramwābīra aramukeba, kubg’ Abayuda bo mur’ izo ntāra, kuko bose bāri bazi yuko se yar’ Umugiriki.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:3
10 Referans Kwoze  

Ariko, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.


Ku Bayuda nabaye nk’uwuganzwa n’ivyagezwe n’aho ntaganzwa na vyo, kugira ngo nzane kuri Kristo abaganzwa n’ivyagezwe.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Kuko uko Imana yariko ikorera muri Petero nk’intumwa mu Bayuda ni ko yariko ikorera muri jewe nk’intumwa mu Banyamahanga.


Ugukebwa canke ukudakebwa vyompi nta co bimaze. Igihambaye ni ugukurikiza amabwirizwa y’Imana.


Pawulo ahitamwo kujana na Silasi, bamaze gusengerwa n’abizera bakabaragiza ubuntu bw’Umwami Imana.


Baranaba yipfuza ko Yohana Mariko ajana na bo,


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite