Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ubwo nyene haba nyamugigima ikomeye cane, inyiganyiza amatanguriro y’ibohero. Imiryango y’ibohero iriyugurura, iminyororo yari iboshe imbohe zose izivako.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:26
15 Referans Kwoze  

Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.


Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’ibohero, arabasohora.


Nuko baca ku bararirizi ba mbere n’aba kabiri, bashika no ku rugi rw’irembo ryaja mu gisagara, rwari urw’icuma. Maze ruriyugurura, bararengana, barasohoka. Bagishika mw’ibarabara, wa mumarayika asiga Petero, ntiyasubira kuboneka.


Umumarayika w’Umwami Imana aca araza, umuco urasira mu cumba Petero yarimwo, amukoma mu rubavu, aramukangura, amubwira ati: “Vyuka ningoga!” Ubwo nyene ya minyororo ica imuva ku bikonjo, irakoroka.


Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite