Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Bamaze kubakubita cane, baca babaterera mw’ibohero, bategeka umukuru w’ibohero kubarinda cane kugira ngo ntibatoroke.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:23
21 Referans Kwoze  

Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu,


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu ku bwa mwebwe Abanyamahanga,


Wa murinzi w’ibohero aca abarira Pawulo ati: “Abacamanza bategetse ko mwe na Silasi murekurwa. None rero murashobora kwigira. Mugende amahoro.”


Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse.


Bukeye, haba uruhagarara hagati y’abasoda, bibaza ivyashikiye Petero.


Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.


amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


bavuga bati: “Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, ariko twuguruye twasanze ata n’umwe ariyo.”


Nuko bafata intumwa bazishira mw’ibohero.


Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.


Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we, muce mumufata.”


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


mu gukubitwa, mu gushirwa mw’ibohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara ijoro, mu gusonza.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite